Couverture de Wiriwe Maine

Wiriwe Maine

Wiriwe Maine

De : WMPG
Écouter gratuitement

3 mois pour 0,99 €/mois

Après 3 mois, 9.95 €/mois. Offre soumise à conditions.

À propos de ce contenu audio

A new podcast from Amjambo Africa in Kinyarwanda/Kirundi.Copyright WMPG Sciences sociales
Les membres Amazon Prime bénéficient automatiquement de 2 livres audio offerts chez Audible.

Vous êtes membre Amazon Prime ?

Bénéficiez automatiquement de 2 livres audio offerts.
Bonne écoute !
    Épisodes
    • ISHIMUTWA MADURO
      Jan 11 2026
      Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere umwaka wa 2026 akaba ari naco kiganiro ca mbere ca Wiriwe Maine cuguruye uyu mwaka. Tugaruka kw'ishimutwa rya Nicolás Maduro , umukuru w'iihugu ca Venezuela n’umugore we, Cilia Flores. Muri kino kiganiro tubumvisha ico iri shimutwa risobanuye, ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu vya rutura no ku baturiye isi bose hamwe rero n'ico abantu bokwitega mu misi iri imbere. Umuhinga twaganiriye ni Jean Hakuzimana, ahagarariye umushinga wo gutuza abimukira muri Reta ya
      New Hampshire, yo muri New England, mu majyaruguru y’iburasirazuba bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iki kiganiro mwagiteguriwe mwongera mukigezwaho na Eloge Willy Kaneza
      Afficher plus Afficher moins
      45 min
    • INTAMBARA ZIRAKOMEZA MURI RDC -UBUSHOBOZI BWA M23
      Dec 21 2025
      Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda vyagirizanya ugusotorana hamwe n'ukutubahiriza amasezerano yasinyiwe i Washington kuwa 4 ukwa 12 uyu mwaka. Muri kino kiganiro twatumiye umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru akorera Amjambo Afrika akaba amaze imyaka irenga 12 akorera ku bibazo vya Afrika y'ibiyaga binini , amakambi y'impunzi, akaba ari no mw'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bakora ku bibazo vy'ubutungane bw'inyuma y'intambara.
      Afficher plus Afficher moins
      1 h et 1 min
    • ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE
      Nov 30 2025
      Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge bari i Mulenge muri Kivu y'Ubumanuko mu buseruko bwa Kongo. Muri ako gace, Uburundi bwarungitseyo ingabo zirenga 10.000 kuja gufashanya n'igisirikare ca Kongo, FARDC, hamwe n'imirwi y'inyeshamba ishigikiwe na Reta- mu rugamba rwo kurwanya umuhari wa M23 umaze kwigarurira imirwa mikuru ya Goma muri Kivu y-Uburaruko na Bukavu muri Kivu y-Ubumanuko hamwe n'utundi duce tutari duke twimbukamwo inzahabu nyinshi. Kinshasa yagiriza Kigali gufasha abaroberi ba M23, ariko Kigali ivuga ko ari ibinyoma vyambaye ubusa ahubwo yashizeho ingamba zo kwikingira ibitero vy'interahamwe za FDLR zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994 mu Rwanda. Umuvugizi w-igisirikare c'Uburundi , Général de brigade Gaspard Baratuza aremeza ko hari uduce tumwe tumwe Abanyamulenge bankirwa kuva mu mihana yabo agasigura ko bakorana n-umwansi. Muri kino kiganiro Wiriwe Maine yakiriye Douglas Gasore Kabunda, umukuru w'umuryango " Mahoro Peace Association".
      Afficher plus Afficher moins
      35 min
    Aucun commentaire pour le moment