Couverture de Egere Tuyage

Egere Tuyage

Egere Tuyage

De : Luc Noël Ingabire Barbara Ndimurukundo-Kururu Emelyne Nibogora Ariel Fabrice Ntahomvukiye
Écouter gratuitement

À propos de ce contenu audio

Muri iki kiyago, abakuze n'abato duhanahana ivyiyumviro ku mico, imigenzo n'akaranga. Dufatira ku vyo bamwe n'abandi basomye, bumvise, batohoje canke barazwe, kugira ngo dusabikanye ubumenyi. Mu kirundi no mu mico y'Abarundi, harimwo ubutunzi ntangere.Luc Noël Ingabire, Barbara Ndimurukundo-Kururu, Emelyne Nibogora, Ariel Fabrice Ntahomvukiye Sciences sociales
Les membres Amazon Prime bénéficient automatiquement de 2 livres audio offerts chez Audible.

Vous êtes membre Amazon Prime ?

Bénéficiez automatiquement de 2 livres audio offerts.
Bonne écoute !
    Épisodes
    • Ep 13 - Umwana n'incuti ziwe
      Jul 27 2024

      Umwana avutse mu muryango agira incuti. Mu rurimi rw'ikirundi, izo ncuti zirafise uko zitwa bivanye n'ubucuti bafitaniye n'uwo mwana. Muri iki gice ca cumi na gatatu, nivyo tugiye kuyaga. Barbara Ndimurukundo-Kururu aratuyagira vyinshi kuri ayo mazina y'incuti z'umwana. Muri iki kiganiro, turayaga kandi n'ibijanye n'imiziro n'amayarwa ajanye n'incuti z'umwana.


      Mufise ico mutwunganira canke mutubaza, ntimuhengeshanye kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com


      Murakoze.

      Afficher plus Afficher moins
      36 min
    • Ep 12 - Gusohora amahasa
      Jun 10 2024

      Ubuheruka twaganiriye ku bijanye no gusohora umuvyeyi. Muri iki gice, turabira hamwe uko basohora umuvyeyi yibarutse amahasa. Kurikira kino kiyago muheze mutwunganire.


      Murakoze !


      Mufise ico mwipfuza gushikiriza, muraturungikira ubutumwa tuzoheza tubishure.

      Afficher plus Afficher moins
      36 min
    • Ep 11 - Gusohora umuvyeyi
      Jun 10 2024

      Gusohora umuvyeyi ni umwe mu migirwa yo mu Burundi bwaho hambere. Vyongeye, no mu gihe ca none, uwo mugirwa uracariho.

      None woba ugikorwa nkuko vyahora muri kahise ? Warumaze iki ? Wasigura iki ? Wagenda gute ?

      Ivyo ni bimwe muvyo duca irya n'ino muri iki kiyago kigira icumi na rimwe.


      Mufise ico mutwunganira, turabahamagarira kuturungikira ubutumwa kuri : egere.tuyage@gmail.com.


      Murakoze.

      Afficher plus Afficher moins
      39 min
    Aucun commentaire pour le moment